The web Browser you are currently using is unsupported, and some features of this site may not work as intended. Please update to a modern browser such as Chrome, Firefox or Edge to experience all features Michigan.gov has to offer.
Kuronka Ururimi
Igice co Gukinga no Kugenzura Kanseri ca MDHHS gifise intumbero yo gutanga ivyankenerwa kuri BOSE. Turanezerewe no gutanga ubufasha bwo gusigura mu nyandiko no mu mvungo kugira bifashe wewe mu kuronswa ivyankenerwa hamwe n'ukwitabwaho ukeneye.
Ubufasha bwo Gusigura mu Nyandiko no mu Mvugo
Mu gihe wewe canke umuntu uzi akeneye ubufasha mu rurimi, tugusabe utwandikire biciye kuri imeyire, mu rurimi rwawe, kuri MDHHS-CPCS-LANG@michigan.gov. Uzoca uronswa inyishu mu masaha 48 (imisi 2 y'akazi). Nimba ari ikijanye n'amagara cihutirwa, tugusabe uhamagare 911.
Ibikenewe ku bantu bafise Ubumenyi Buke mu Congereza
- Mu gihe ukeneye ubufasha, saba uronswe umusiguzi, ni uburenganzira bwawe! Abasiguzi kiganga bavyigiye baramenyereye gusigura amakuru ajanye n'amagara mu buryo bubereye. Baramenyerejwe kandi ku bisabwa vyose bijanye na HIPAA kugira babike amakuru yawe mw'ibanga.
- Ubufasha bwo gusigurirwa bubereye bwaragushiriweho ku buntu. Ntutegerezwa gusaba umunyamuryango canke umugenzi gutanga ubwo bufasha bwo gusigura. Barashobora kuba badafise ubumenyi bwo gutanga buno bufasha.
- Mu gihe utembereye ibiro vy'amagara no kwa muganga, erekanaIkarata Ndavuga ku mukozi azoshobora kugushiriraho umusiguzi ku bwawe.
- Saba umusiguzi mu gihe uhuye na muganga w'ubuvuzi bw'ibanze canke uwabinonosoye.
- Saba ubufasha bwo gusigura mu mvugo canke mu nyandiko mu gihe uronkejwe ubundi bwoko bw'amaseruvise, nk'inyishu zivuye mu bipimo, gusuzumwa mw'iradiyo, kuvugwa ku mubiri, canke guhabwa impanuro kiganga.
- Mu gihe uzi ko uzokenera umusiguzi, bwira muganga wawe canke umukozi wo mu biro hakiri kare hashoboka.
- Baza muganga wawe, integuro y'amagara, n'iduka ry'imiti harimwo no gusaba ururimi rwawe hamwe nuko ukeneye umusiguzi muri kahise ko kwa muganga.
- Hamagara ibiro vy'agateka ka zinamuntu mu gihe wibaza ko uburengazira bwawe bwo kuronswa ururimi bwahonyanzwe.
Mu gihe Uri Umuntu Atumva Neza
Urafise uburenganzira bwo kuronka umusiguzi w'ibimenyetso. Buno burengazira bukingiwe na Itegeko rya Reta y'Amerika ry' Abagendana Ubumuga. Igice ca Kanseri ya MDHHS kiratanga ubufasha bwo gusigura DHOH ku bantu. Kugira ushireho isango ry'abasigura ku bw'ibiragi, tugusabe wakure MDHHS-CPCS-LANG@michigan.gov.